2 Ngoma30

Hezekiya ahimbaza Pasika

1Hezekiya atumako Abisirayeli bose n’Abayuda, kandi yandikira amakete Abefurayimu n’Abamanase, abaha ubutumire ngo baze mu Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli.2Umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose bari i Yerusalemu bari biyemeje guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri.3Ntibari bwashobore kuyihimbaza mu bihe vyategekanijwe kuko ata baherezi bakwiye bari bwarobanurwe, kandi abantu ntibari bwigere bakoranira i Yerusalemu.4Iyo nteguro yo guhimbaza Pasika yabonetse ko ari nziza ku mwami no ku bantu bose.5Baca bafata ingingo yo gutuma intumwa mu Bwisirayeli hose, uhereye i Berisheba mu bumanuko ugashika i Dani mu buraruko, bahamagara abantu ngo baze i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Ntibari bwayihimbaze ari benshi nk’uko vyari vyaranditswe.
6Kw’itegeko ry’umwami, intumwa zikwira hose mu Bwisirayeli n’i Buyuda zitwaye amakete avuye ku mwami no ku baganwa biwe, avuga ngo:
“Yemwe Bisirayeli mwese, nimugaruke k’Uhoraho, Imana ya Aburahamu, na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we abagarukeko mwebwe abasigaye, mutahitanywe n’agatikizo k’abami b’i Ashuri.
7Ntimube nka ba sogokuruza na benewanyu, babaye ibigaba imbere y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ari co catumye ibahindura akajoreza nk’uko mubibona.8Ntimukomantaze imitima nk’uko ba sogokuruza banyu bayikomantaje; mwumvire Uhoraho. Muze mu Ngoro yiwe, iyo yejeje akayitoranya ibihe bidashira. Mukorere Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo uburake bwiwe bw’inkazi bubaveko.9Nimwahindukirira Uhoraho, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababajanye nk’inyagano maze bagaruke muri iki gihugu, kuko Uhoraho Imana yanyu ari inyembabazi kandi igira ikigongwe cinshi. Nimwamuhindukirira, ntazobakurako inyonga ziwe.”
10Za ntumwa ziragenda, ziva mu gisagara zija mu kindi, mu Befurayimu no mu Bamanase, gushika mu Bazebuloni; ariko abantu baritwengera, barabakengera.11Yamara abantu bamwe bo mu Basheri, Abamanase n’Abazebuloni bicisha bugufi baja i Yerusalemu.12No mu Buyuda, ukuboko kw’Imana kuba ku bantu baho, abaha kugira umutima umwe wo gukora ivyo umwami n’abaganwa biwe bari bategetse, bivuye mw’ijambo ry’Uhoraho.
13Nuko mu kwezi kwa kabiri, abantu benshi bakoranira i Yerusalemu ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro.14Bakuraho ibicaniro vyari i Yerusalemu, basambura n’ibicaniro batangirako ibimota neza, babita mu mwonga wa Kidironi.
15Maze ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa kabiri, bakerera umwagazi wa Pasika. Abaherezi n’Abalewi bari buzuye ibimaramare, baca barihumanura maze bazana ibimazi vyo guturirwa mu Ngoro y’Uhoraho.16Maze baca baja mu bibanza vyabo nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. Abaherezi bamija ku gicaniro amaraso baherejwe n’Abalewi.17Kubera ko mw’ikoraniro harimwo abantu benshi batari bihumanuye, Abalewi ni bo bahavuye bakerera imyagazi y’intama ya Pasika y’abantu bose bari bahumanye, kuko batashobora gushikiriza iyo myagazi yabo Uhoraho.18Kandi naho abantu benshi mu bari bavuye mu Befurayimu, mu Bamanase, mu Bisakari no mu Bazebuloni batari bihumanuye, barariye Pasika, banyuranya n’uko vyanditswe. Ariko, Hezekiya arabasengera, avuga ati: “Icompa Uhoraho, kuko ari mwiza, akababarira umuntu wese19yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza naho ahumanye ku bw’amategeko y’Ahera.”20Maze Uhoraho yumva ugusenga kwa Hezekiya, akiza abantu.
21Abisirayeli bari i Yerusalemu bahimbaza Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, bamara imisi indwi banezerewe cane, mu gihe Abalewi n’abaherezi baguma bararirimbira Uhoraho ku musi ku musi, bakoresheje ibicurarangisho bisamirana, vyeguriwe Uhoraho.
22Hezekiya avuga amajambo yo gutera intege Abalewi bose bari berekanye ko batahura neza igikorwa c’Imana. Muri iyo misi indwi bariye umugabane wabo batanga n’ibimazi vy’ishimwe barongera bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
23Maze ikoraniro ryose rica ryemeranya kwongerako iyindi misi indwi, bayimara bahimbaza Imana kandi banezerewe.24Hezekiya umwami w’i Buyuda ategura amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi indwi ku bw’iryo koraniro, n’abaganwa na bo batanga amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi cumi. Igitigiri kinini c’abaherezi barihumanura.25Ikoraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, hamwe n’abaherezi n’Abalewi n’abari bakoraniye hamwe na bo bavuye mu Bisirayeli, harimwo n’abanyamahanga bari baje bava mu Bwisirayeli n’ababa i Buyuda.26Hari umunezero mwinshi cane i Yerusalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli hatari bwabe ikintu nk’ico i Yerusalemu.27Abaherezi n’Abalewi barahaguruka ngo bahezagire abantu, maze Imana irabumva, kuko isengesho ryabo ryashitse mw’ijuru, ahera hayo, aho iba.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e