1 Timoteyo4
1Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi yo mw’iherezo ry’ibihe abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.2Izo nyigisho zizoba zitangwa n’ababeshi bakaba n’indyarya, agatimanama kabo kamaze gupfa.3Bazoba babuza abantu kurongora, no kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.4Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima,5kuko tuzi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.6Ivyo niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera yakira n’inyigisho nziza.7Wirinde impari ziva ku kutubaha Imana hamwe n’imigani y’abakecuru. Ahubwo wimenyereze kwubaha Imana.8Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.9Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa.10Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.11Uze wame wigisha ivyo.12Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo, mu buryo ubayeho, mu rukundo, mu kwizera, no mu kwezwa.13Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.14Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe biciye mu kuvugishwa, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’Ishengero.15Ugire umwete muri ivyo. Witangire igikorwa cawe n’umutima wawe wose, ni ho bose bazobona ugutera imbere kwawe.16Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.
Biblica, Inc.