1 Timoteyo2
Uko bikwiye kugenda mu gihe co guhimbaza Imana
1Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo.2Usengere abami n’abari mu bibanza vyo gutegeka bose kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.3Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu,4kuko ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.5Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.6Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.7Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.8Abantu hose, nshaka ko abagabo baho basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, kandi batagira ibihari.9N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini.10Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.11Abagore baze bige banumye, kandi berekana ukwubaha gukwiye.12Singomba ko abagore bigisha abagabo canke ngo babagirako ububasha. Nibumvirize banumye.13Kuko Adamu ari we yaremwe ubwa mbere, hanyuma haremwa Eva.14Kandi Adamu si we yahenzwe, umugore ni we yahenzwe, aca agwa mu caha.15Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, nibaguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.Biblica, Inc.