1 Tesalonike5
Kugaruka kw’Umwami wacu
1Bene Data, ku vyerekeye imisi n’ibihe ivyo bizoshikirako, ntitwari dukwiye no kurinda kubibandikira,2kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro.3Igihe abantu bazoba bavuga bati: “Ni amahoro, nta nkomanzi,” ni ho ugutikizwa kuzobashikako giturumbuka, kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi nta wuzorokoka.4Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma.5Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.6Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.7Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro.8Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma.9Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.10Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, nimba tuzoba twarapfuye canke nimba tuzoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.11None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.Impanuro
12Bene Data, turabinginze ngo mwubahe abakorera muri mwebwe, babarongoye mu gikorwa c’Umwami, kandi babarongora mu vy’Impwemu.13Mububahe n’imitima yanyu yose kandi mubakunda kubera igikorwa cabo. Mubane amahoro.14Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.15Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ahubwo mwame murondera kugiriranira ineza hagati yanyu no ku bandi.16Mwame munezerewe ibihe vyose17Musenge ubudahumeka.18Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari vyo Imana ibashakako mwebwe abari muri Kristo Yesu.19Ntimukazimye Mpwemu Yera.20Ntimugakengere ubuvugishwa,21ahubwo musuzume vyose, hanyuma mugumye ivyiza.22Mwirinde ikibi cose.23Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.24Iyabahamagaye ni iyo kwizigirwa, no kubishitsa izobishitsa.25Bene Data, mudusengere.26Muturamukirize bene Data bose n’ukugumbirana kwera.27Ndabasavye ndi imbere y’Umwami wacu ngo iri kete rizosomerwe bene Data bose.28Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.Biblica, Inc.