1 Samweli8

Abisirayeli basaba umwami

1Samweli ariko arasaza, aha abahungu biwe uburongozi, baba abacamanza b’Abisirayeli.2Imfura yiwe yitwa Yoweli, uwa kabiri akitwa Abiya, kandi bakorera i Berisheba.3Ariko abahungu ba Samweli ntibakurikije akarorero ka se, kuko bakikamye bakarondera inyungu mbi, batangura kurya ibiturire no guca imanza zitabereye.
4Nuko abakuru bose bo mu Bisirayeli baja hamwe baja aho Samweli yari ari i Rama.5Baramubwira bati: “Raba urashaje, kandi abana bawe ntibakurikiza akarorero kawe; nuko rero turonderere umwami wo kuturongora, nk’uko bimeze mu yandi mahanga.”
6Ariko bamaze kuvuga bati: “Duhe umwami wo kuturongora,” ivyo bibabaza Samweli; aca asenga Uhoraho ngo amusobanuze.7Uhoraho aramubwira ati: “Niwemere ivyo vyose abantu bariko barakubwira; kuko si wewe banse, ni jewe banse ko nshishikara kuba umwami wabo.8Uko bari bameze kuva igihe nabakura muri Egiputa gushika n’uwu musi, ni ko bakimeze, bama bantera ibitugu bakaja gukorera izindi mana, kandi nawe ni vyo bakugiriye.9Ubu rero bumvirize; ariko ubagabishe, ubamenyeshe neza ivyo umwami azobaganza bazotegerezwa kumukorera.”
10Nuko Samweli abwira abo bantu bariko baramusaba umwami amajambo yose Uhoraho yamubwiye.11Ababwira ati: “Ibi ni vyo umwami azobaganza azobasaba ko mumukorera: azofata abahungu banyu abakoreshe ku mikogote no ku mafarasi yiwe, kandi bazohora bama bagenda bariruka imbere y’imikogote yiwe.12Bamwe azobagira abo kuganza abasoda igihumbi, abandi abo kuganza abasoda mirongo itanu gutyo gutyo, abandi babe abo kumurimira amatongo yiwe no kwimbura ivyimburwa vyiwe, kandi abandi bazoba abo gucura ibigwanisho vy’intambara n’ibikoresho vy’imikogote yiwe.13Abakobwa banyu azobatwara babe abo guhingura ibimota neza, abatetsi n’abotsa imikate.14Azotwara imirima, imizabibu n’imyelayo vyanyu vyizavyiza, abihe abamukorera.15Azotwara ikigiracumi c’ingano zanyu n’imizabibu yanyu abihe abishikira biwe n’abamukorera.16Abakozi banyu b’abahungu n’abakobwa n’ivyiza vyo mu nka n’indogoba vyanyu azobitwara abikoreshe ivyiwe.17Azotwara ikigiracumi c’amasho yanyu, kandi namwe ubwanyu muzoba abagurano biwe.18Uwo musi niwashika, muzotaka musaba icobakurako uwo mwami muriko murasaba, ariko Uhoraho ntazobishura.”
19Ariko abantu banka kwumviriza Samweli. Baravuga bati: “Oya, dushaka umwami wo kutuganza.20Natwe tuzoca tuba nk’ayandi mahanga, dufise umwami wo kuturongora kandi akatuja imbere tugiye kugwana mu ntambara.”
21Maze Samweli yumvise ivyo abantu bavuze vyose, abibwira Uhoraho.22Uhoraho amwishura ati: “Kora ivyo bagusavye ubahe umwami.”
Nuko Samweli abwira Abisirayeli ati: “Umuntu wese nasubire mu gisagara ciwe.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e