1 Samweli27

Dawidi aja mu Bafilisitiya

1Maze Dawidi ariyumvira ati: “Umusi umwe Sawuli azomfata. Icoba ciza ni uko nohungira mu Bafilisitiya. Maze Sawuli azoca aheba kundonderera ahantu na hamwe muri Isirayeli, nanje nzoca ndamukira.”
2Nuko Dawidi na ba bantu amajana atandatu bari kumwe na we baja kwa Akishi mwene Mayoshi, umwami w’i Gati.3Dawidi n’abantu biwe baba i Gati hamwe na Akishi. Umugabo wese yari kumwe n’umuryango wiwe, na Dawidi yari kumwe n’abagore biwe babiri: Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili w’i Karumeli yahora ari umugore wa Nabali.4Sawuli amaze kumenya ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyongera kumuhiga.
5Nuko Dawidi abwira Akishi ati: “Ninaba ngiriwe ubuntu mu maso yawe, ndasavye ugire aho umpaye mu bisagara vyo mu gihugu cawe, kugira ngo mbeyo. Mbega ni kuki umusavyi wawe nobana nawe mu gisagara c’ubwami?”
6Nuko kuri uwo musi Akishi amuha Zikulagi, kandi aho haciye hegukira abami b’i Buyuda kuva ico gihe kugeza n’ubu.7Dawidi amara umwaka n’amezi ane mu gihugu c’Abafilisitiya.
8Nuko Dawidi n’abantu biwe bava ngaho baja kugwanya Abageshuri, Abagiruzi n’Abamaleki. (Kuva kera abo bantu baba hafi y’i Shuri, hegereye ku rubibe rwa Egiputa.)9Igihe cose Dawidi yatera ahantu, nta muntu n’umwe yasiga ari muzima, yaba umugabo canke umugore, ariko yaca atwara intama n’inka, indogoba n’ingamiya, n’impuzu. Maze agaca asubira kwa Akishi.
10Maze Akishi abajije ati: “Mwagiye gutera hehe uwu musi?” Dawidi yaca avuga ati: “Twateye i Negebu h’i Buyuda” canke ati: “Twateye i Negebu h’i Yerahimeyeli” canke ati: “Twateye i Negebu h’Abakayini.”11Ntiyasigaza umugore canke umugabo yozana ari muzima i Gati, kuko yibaza ati: “Bohava batanga inkuru kuri twebwe bakavuga bati: ‘Ibi ni vyo Dawidi yakoze.’ ” Uko ni ko yakora igihe cose yabaye mu gihugu c’i Bufilisitiya.12Nuko Akishi yizigira Dawidi, yibwira ati: “Yarigize uwo kwankwa urunuka n’abo mu gihugu ciwe b’Abisirayeli, rero azoba umushumba wanje ibihe vyose.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e