1 Samweli2

Isengesho rya Hana

1Maze Hana asenga Uhoraho avuga ati:“Umutima wanje unezererewe Uhoraho;Uhoraho we wangize uwukomeye.Ubu ndafise ico nishura abansi banje,kuko nezerejwe n’ugutabara kwawe.
2Nta wera nk’Uhoraho;nta wundi yoboneka i ruhande yawe;nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.
3Nimureke kuvugana ubwibone,iminwa yanyu ntivuge ivyo kwishira hejuru,kuko Uhoraho ari Imana izi vyose,kandi ni yo ipima ibikorwa vyose ku munzane.
4Imiheto y’abagwanyi iravunaguritse,ariko abahoze ari abanyantegenke bambitswe inkomezi.5Abari bafise ivyuzuye, babaye abacangero, bakorera ivyo baryakandi abahora bashonje, bashize inzara.Uwahora yitwa ingumba, avyaye abana indwi,ariko uwari afise abahungu benshi arakabiranye.
6Uhoraho ni we atuma umuntu apfa kandi ni we atuma abaho;ni we amanura bamwe i kuzimu, abandi akabakurayo.7Uhoraho ni we atuma bamwe bakena, kandi ni we atuma abandi batunga;ni we acisha bugufi bamwe, agashira hejuru abandi.8Akura umugorwa mu mukungugu,ashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu;akamwicarikana n’abakomeye,akamuha intebe y’icubahiro.Kuko imfatiro z’isi ari iz’Uhoraho;Kandi kuri zo ni ho yashinze isi.9Ni we azozigama ibirenge vy’abamukorera mu bwizigirwa,ariko abanyakibi bazokamanganira mu mwijima.Inkomezi z’umuntu si zo zituma anesha;10abagwanya Uhoraho bazocika ubunywenywe.Iyisumbavyose izobaturagarirako iri mw’ijuru;Uhoraho azocira urubanza impera z’isi.Azoha inkomezi umwami yimitsekandi yongere inkomezi uwo yimikishije amavuta.”
11Hanyuma Elukana ataha iwe i Rama, ariko wa muhungu akorera Uhoraho ari musi y’uburongozi bwa Eli umuherezi.

Ububi bw’abahungu ba Eli

12Abahungu ba Eli bari abantu babi; ntibubaha Uhoraho.13Hariho ingeso abaherezi bari basigaye bafise y’uko igihe cose umuntu yaza gushikana ikimazi, umukozi w’umuherezi yaca azana icaruzo c’amenyo atatu mu minwe, akaza igihe inyama z’ico kimazi zikiriko ziratogotera ku ziko,14agaca yinjiza ca caruzo mu nkono canke mu kintu cose batetsemwo izo nyama, umuherezi agaca atwara izo ico caruzo caruye. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo.15Vyaranashika ko umukozi w’umuherezi aza ibinure vy’ikimazi bitaraturirwa n’umuriro ku gicaniro, akabwira uwariko arashikana ikimazi ati: “Zana inyama zo kwokereza umuherezi; ntashaka izimaze gutekwa, ashaka izikiri mbisi.”
16Iyo uwo muntu yishuye ati: “Reka mbanze nturire ibinure vyazo, hanyuma uheze utware izo ugomba zose,” uwo mukozi yaca yishura ati: “Oya zizane ubu nyene; utazizanye naho, ndaziha ku nguvu.”
17Ico caha c’abo bahungu cari kinini cane mu nyonga z’Uhoraho, kuko bakengera ibimazi vyiwe.
18Ariko Samweli we naho yari akiri agahungu gatoya yakomeje gukorera Uhoraho. Yambara efodi yera nk’iyo abaherezi bambara.19Uko umwaka utashe, nyina yama amushonera agakanzu gatoya akakamushira aduganye n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka.20Imbere y’uko bataha, Eli yama aca ahezagira Elukana n’umugore wiwe, akavuga ati: “Uhoraho aguhe abana kuri uwu mugore kugira ngo baje mu gishingo c’uwu yasengeye agaca amuha Uhoraho.” Bagaca bataha.21Kandi Uhoraho agirira ubuntu Hana; avyara abahungu batatu n’abakobwa babiri. Wa mwana Samweli na we abandanya akurira imbere y’Uhoraho.
22Ico gihe Eli yari ashaje cane, ariko yarumva ivyo abahungu biwe bakorera Abisirayeli, ko baryamana n’abagore bakorera ibikorwa mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.23Nuko akama ababwira ngo: “Ni kuki mukora ibintu nk’ivyo? Numva abantu bose babavuga ko mwigenza nabi.24Nimusigeho, bana banje! Inkuru numva ivugwa mu bantu b’Uhoraho si nziza.25Iyo umuntu acumuye ku wundi, Imana ishobora kubuzuriza; ariko umuntu acumuye k’Uhoraho, ni nde yomuvugira?” Ariko abahungu biwe ntibumvira impanuro za se, kuko Uhoraho yari yagabiye ko bategerezwa gupfa.
26Samweli we abandanya gukura mu mubiri no kugira igikundiro k’Uhoraho no ku bantu.

Imburi ku nzu ya Eli

27Nuko haza umuntu w’Imana ashikira Eli aramubwira ati: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Siniyeretse abo mu nzu ya so igihe bari bakiri muri Egiputa baganzwa na Farawo?’ ”28Natoranije so mu yindi miryango yose y’Abisirayeli ngo ambere umuherezi, ngo aje ku gicaniro canje, acane ibimota neza, kandi yambare efodi imbere y’inyonga zanje. Kandi nahaye abo mu nzu ya so ibimazi vyose vyoswa n’Abisirayeli.29None ni kuki mukengera ikimazi canje n’ishikanwa ryanje? Ni kuki wubaha abahungu bawe ukabandutisha mu kwirira inyama z’indobanurwa z’ibimazi vyose ihanga ryanje ry’Abisirayeli batanze?
30“Nguku rero uko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nari narasezeranye ko inzu ya so ari yo izokorera imbere yanje ibihe vyose.’ Ubu rero Uhoraho avuze ati: ‘Ntibikabe!’ Abanyubaha ni bo nzokwubaha, ariko abankengera nanje nzobakengera.”31Ehe igihe kiraje aho nzokwaka inkomezi wewe n’inzu ya so nkabaka ubuherezi, kugira ngo ntihabe hakibaho umuntu aramba mu ruvyaro rwawe,32kandi uzoba mu mubabaro uri mu nzu yanje. Naho Abisirayeli bazogirirwa neza, mu ruvyaro rwawe ntihazokwigera hongera kuboneka umuntu aramba agashika mu zabukuru.33Uwo nzosigaza adakuwe ku gicaniro canje azoba ari uwo kuguteza umubabaro no kukwihebuza, kandi abo mu ruvyaro rwawe bose bazopfa bakiri bato. Ariko abandi bose bazopfa bakiri mu myaka y’ubuto.
34“ ‘Ibizoba kuri Hofuni na Finehasi, abahungu bawe babiri, bizoba ikimenyetso c’ivyo, bazopfira umusi umwe.35Nzokwitorera uwuzombera umuherezi w’umwizigirwa, azokora ibiri ku mutima wanje no mu vyiyumviro vyanje. Kandi nzokomeza inzu y’ubuherezi bwiwe, baze bame bakorera imbere y’abami nasize amavuta ibihe vyose.36Ico gihe umuntu wese wo mu muryango wawe azosigara azoza amwunamire kugira ngo amuhe igiceri kimwe c’ifeza n’akavunguka k’umukate kandi amwinginge ati: “Ntabara umpe ico nkora mu bikorwa vy’ubuherezi kugira ngo ndonke ico kurya.” ’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e