1 Samweli17

Dawidi yica Goliyati

1Hanyuma Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo kugira ngo bagwane, bakoranira i Soko mu Buyuda, bacumbika i Efesi-Damimu, hagati y’i Soko n’i Azeka.2Sawuli n’Abisirayeli na bo barakorana bacumbika mu kiyaya ca Ela, batonda urugamba ngo bagwanye Abafilisitiya.3Nuko Abafilisitiya bahagarara ku musozi umwe, Abisirayeli na bo bahagarara ku wundi, hagati yabo hakaba ikiyaya.
4Maze haza umuhizi mu ntambara yitwa Goliyati, Umufilisitiya yaturuka i Gati, asokoroka mu ngabo z’Abafilisitiya. Yari afise nk’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’uburebure.5Ku mutwe yari yambaye inkofero icuzwe mu muringa, mu gikiriza na ho yari yambaye icuma co kumukingira gifise ibigaragamba gicuzwe mu muringa nyene gipima shekeli ibihumbi bitanu. 6Ku maguru yari yambaye ivyuma vyo kuyakingira bicuzwe mu muringa, yitwaje n’icumu ricuzwe mu muringa ku bitugu.7Icumu ryiwe ryari rikwikiye mu giti kingana n’ico kujishirako impuzu, icuma caryo na co kigapima shekeli amajana atandatu. Uwamutwaza inkinzo yamugendera imbere.
8Nuko Goliyati arahagarara, arasemerera abwira ingabo z’Abisirayeli ati: “Ni kuki mutonze urugamba? Jewe ndi umuhizi w’Umufilisitiya, namwe muri abagurano ba Sawuli? Nimuhitemwo umuntu umwe muri mwebwe amanuke aze duhure tugwane.9Niyashobora kungwanya akanyica, tuzoca tuba abagurano banyu; ariko ninamunesha nkamwica, muzoca muba abagurano bacu mudukorere.”10Nuko uwo Mufilisitiya arongera aravuga ati: “Uwu musi ingabo zose za Isirayeli ndazihaye ikibazo! Nimumpe umuntu aze tugwane.”11Uko bumvise amajambo y’uwo Mufilisitiya kwose, Sawuli n’Abisirayeli bose baca bacika ivutu bakagira ubwoba bwinshi.
12Dawidi, yari umwe mu bahungu b’umuntu wo mu ntara ya Efurata yitwa Isayi, yaba i Betelehemu mu Buyuda. Isayi yari afise abahungu umunani, kandi mu gihe ca Sawuli we yari ashaje cane.13Abahungu ba Isayi batatu bakuru bari bajanye na Sawuli ku rugamba: imfura yitwa Eliyabu, uwa kabiri Abinadabu, n’uwa gatatu Shama.14Dawidi ni we yari umuhererezi. Abo batatu bakuru bari bajanye na Sawuli ku rugamba,15ariko Dawidi we yaja aragenda yongera agaruka, akava kwa Sawuli akaja kuragira intama za se i Betelehemu.
16Nuko uwo Mufilisitiya amara imisi mirongo ine, asokoroka igitondo n’umugoroba agahagarara imbere y’ingabo z’Abisirayeli.
17Umusi umwe, Isayi abwira umuhungu wiwe Dawidi ati: “Akira iyi ngero efa y’ingano zikaranze n’iyi mikate icumi ubishire bakuru bawe iyo bari ku rugamba kandi wihute.18Utware n’izo foromaji icumi uzishire umukuru w’ingabo abarongoye. Urabe uko bakuru bawe bamerewe, hanyuma unzanire inkuru y’ingene bameze.19Bakuru ba Dawidi bari kumwe na Sawuli hamwe n’abagabo b’Abisirayeli bose mu kiyaya Ela, bagwana n’Abafilisitiya.”
20Mu gatondo ka kare Dawidi asigarana uwundi mwungere imikuku, atekera vya bintu aragenda, nk’uko se Isayi yamubwiye. Nuko ashika aho bacumbitse mu gihe ingabo zariko ziratonda urugamba, bavuza akamo k’intambara.21Abisirayeli n’Abafilisitiya bariko baregerana bashaka kurumana ngo bagwane.22Dawidi asigarana bimwe yajanye umurinzi w’ibikoresho, yiruka ku rugamba kuramutsa bakuru biwe no kubabaza amakuru yabo.23Akiriko araganira na bo, Goliyati, wa muhizi w’Umufilisitiya w’i Gati, yigira imbere ava aho abandi batonze urugamba bari, asubira gusemerera n’agakengerwe kenshi nk’uko yari asanzwe amenyereye kubikora. Maze Dawidi aravyumva.24Abisirayeli babonye uwo mugabo, bose baca barahunga kubera kumutinya.
25Abisirayeli baguma bavugana ngo: “Murabona kirya kigabo ingene kiguma kiza? Kizanwa no gucokora Isirayeli. Umwami yaravuze ko yoha impera nini umuntu yomwica. Ngo yomuha umwe mu bakobwa biwe kandi inzu ya se ntiyosubira gutanga ikori mu miryango yose ya Isirayeli.”
26Dawidi abaza abari bamwegereye ati: “Uwokwica uwo Mufilisitiya agakura agakengerwe ku Bisirayeli yokorerwa iki? Iyo ntakebwa y’Umufilisitiya yibaza ko ari iki, aho yubahuka gucokora ingabo z’Imana Nzima?”
27Bamusubiriramwo vya bindi bamye bavuga bati: “Ivyo ni vyo umuntu yomwica yokorerwa.”
28Maze Eliyabu, mukuru wa Dawidi, yumva ariko aravugana na ba bantu, aca arashavura cane, amubaza ati: “Ni igiki cakuzanye hano? Ni nde wasigaranye twa dutama mu bugaragwa? Ndazi ukwishira hejuru kwawe n’ububi bwo mu mutima wawe; nta kindi cakuzanye atari ukuraba intambara.”
29Dawidi aramwishura ati: “None jewe ngize iki? None no kuvuga simvuge?”30Aca arimuka aja ku wundi muntu yongera kubaza ico kibazo nyene, bamwishura kwa kundi nyene.31Ivyo Dawidi yavuze bikwira hose bishikira na Sawuli, na we aca amutumako.
32Dawidi abwira Sawuli ati: “Ntihagire umuntu asubira kuranduka umutima kubera uwo Mufilisitiya; jewe umusavyi wawe ngira nje kumugwanya.”
33Sawuli aramwishura ati: “Ntushobora kuja kugwana n’urya Mufilisitiya; kuko uracari muto, ariko we yatanguye kugwana kuva kera akiri muto.”
34Ariko Dawidi yishura Sawuli ati: “Jewe umusavyi wawe nsanzwe ndagira intama za data. Iyo intambwe canke idubu ije kwiba intama yo mu mukuku,35nca ndayikurikira, nkayigwanya, nkayiyikura mu kanwa. Yampindukirira, nkayifata mw’izosi nkayigwanya nkayica.36Jewe umusavyi wawe ko nishe intambwe n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebwa araba nka kimwe muri ivyo, kuko yacokoye ingabo z’Imana nzima.37Uhoraho yantabaye akankura mu vyara vy’intambwe n’idubu arankura no mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya.”
Sawuli abwira Dawidi ati: “Genda, Uhoraho abane nawe.”
38Nuko Sawuli yambika Dawidi umwambaro wiwe. Amwambika n’ibigwanisho vyiwe, amuha n’inkofero yiwe y’umuringa yo kwambara ku mutwe.39Maze Dawidi ahagatira inkota ya Sawuli hejuru ya wa mwambaro, agerageza gutambuka biranka kuko atari abimenyereye.
Maze abwira Sawuli ati: “Sinshobora kugenda nambaye ibi bintu kuko sindabimenyereye.” Nuko arabikura.
40Aca afata inkoni yiwe mu minwe, atora amabuye atanu yiburungushuye ku mugezi, ayashira mu gasaho kiwe k’abungere, ajana n’umugozi wiwe mu minwe, aca agenda atumbereye wa Mufilisitiya.
41Goliyati wa Mufilisitiya na we aza guhura na Dawidi, umwe amutwaje inkinzo agendera imbere yiwe.42Aravye Dawidi akiri kure aramukengera, kuko yari akiri umuhungu muto cane, afise amagara meza kandi w’akaranga.43Abwira Dawidi ati: “Mbega mbaye imbwa, aho uza kungwanya witwaje inkoni?” Nuko wa Mufilisitiya atuka Dawidi mu mazina y’imana ziwe.44Aravuga ati: “Nuze hano, ndakubagire ibisiga n’ibikoko vyo mw’ishamba!”
45Dawidi na we abwira wa Mufilisitiya ati: “Uje kungwanya witwaje inkota n’icumu n’ikimito, ariko jeho nje kukugwanya mw’izina ry’Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye.46Uwu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje, ngira ndakwice ndaguce umutwe. Uwu musi imivyimba y’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi isi yose izomenya ko mu Bisirayeli hari Imana.47Kandi abakoraniye hano bose baramenya ko Uhoraho adakirisha inkota canke icumu; kuko intambara ari iy’Uhoraho, arabagabura mu maboko yacu.”
48Wa Mufilisitiya aramwegera ngo amugwanye, Dawidi na we yiruka aja iyo ari ngo bahure.49Akora muri ka gasaho atoramwo ibuye rimwe, arishira muri wa mugozi, arawuzungagiza, aritera wa Mufilisitiya mu ruhanga. Rya buye ryinjira mu gahanga kiwe, aca agwa hasi yubamye.
50Nuko Dawidi anesha wa Mufilisitiya akoresheje umugozi n’ibuye rimwe; amutsinda hasi ata nkota afise, aramwica.
51Dawidi ariruka amuhagarara hejuru. Afata ya nkota ya wa Mufilisitiya ayikura mu rwubati. Amaze kumwica, amuca umutwe na ya nkota yiwe.
Abafilisitiya babonye ko umuhizi wabo apfuye, barahindukira barahunga.
52Nuko ingabo z’Abisirayeli n’Abayuda biha akamo bakurikira Abafilisitiya gushika kw’irembo ry’i Gati n’amarembo y’i Ekuroni.53Abisirayeli bavuye gukinagiza Abafilisitiya, basahura ibintu aho bari bacumbitse.
54Dawidi atwara umutwe wa wa Mufilisitiya awujana i Yerusalemu, ashira ibigwanisho vya wa Mufilisitiya mw’ihema ryiwe.
55Igihe Sawuli yabona Dawidi agiye guhura na Goliyati, yabajije Abuneri, umukuru w’ingabo, ati: “Mbega Abuneri, uwo muhungu ni mwene nde?”
Abuneri aramwishura ati: “Ndahiye wewe nyene, mwami, sindamuzi.”
56Umwami aravuga ati: “Gerageza umenye se w’uwo muhungu.”
57Dawidi avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri amujana kwa Sawuli, agifise umutwe wa Goliyati mu ntoke.
58Sawuli aramubaza ati: “Muhungu, uri mwene nde?”
Dawidi aramwishura ati: “Ndi umuhungu w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e