1 Samweli15
Uhoraho yanka ko Sawuli ashishikara kuba umwami
1Umusi umwe, Samweli abwira Sawuli ati: “Ni jewe Uhoraho yatumye kukurobanuza amavuta ngo ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli; niwumve rero ijambo ngiye kukubwira rivuye k’Uhoraho.2Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngomba guhana Abamaleki kubera ivyo bakoreye Abisirayeli igihe babategera mu nzira bavuye muri Egiputa.3Nuko rero genda utere Abamaleki kandi urandure ikintu cose. Ntihagire ico usigaza; wice abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’intama, ingamiya n’indogoba.’ ”4Nuko Sawuli atumako abagize ingabo bose, abakoraniriza i Telayimu, bose hamwe bari abasoda ibihumbi amajana abiri bavuye mu miryango ya Isirayeli hamwe n’ibihumbi cumi bavuye mu muryango wa Yuda wonyene.5Nuko Sawuli ajana n’ingabo ziwe gutera igisagara c’Abamaleki, binyegeza mu mwonga kugira ngo babatere giturumbuka.6Maze abwira Abakayini ati: “Mwebwe nimwitandukanye n’Abamaleki kugira ngo ntimuranduranwe na bo; kuko mwagiriye neza Abisirayeli igihe bava muri Egiputa.” Nuko Abakayini bitandukanya n’Abamaleki.7Hanyuma Sawuli atera Abamaleki kuva i Havila gushika i Shuri, mu buseruko bwa Egiputa.8Afata Agagi umwami w’Abamaleki, abantu biwe bose abaranduza inkota.9Ariko Sawuli n’ingabo ziwe basigaza Agagi n’ibitungwa vyizavyiza vyo mu ntama n’inka, inyana zivyibushe n’imyagazi y’intama, eka ibintu vyose vyiza, ibikengeretse n’ibinyantegenke vyose baba ari vyo barandura.10Maze Uhoraho abwira Samweli ati:11“Ndicujije icatumye nimika Sawuli ngo abe umwami, kuko yanteye ibitugu ntakurikize ivyo namutegetse.” Samweli arababara cane, atakambira Uhoraho iryo joro ryose.12Mu gitondo ca kare Samweli aravyuka aja kubonana na Sawuli, ariko baramubwira bati: “Sawuli yagiye i Karumeli gushinga icibutso ciwe co kumuhesha icubahiro hanyuma aca aramanuka aja i Gilugali.”13Samweli amushikiriye, Sawuli amubwira ati: “Uhoraho aguhezagire! Ivyo Uhoraho yantegetse gukora vyose, nabikoze.”14Samweli aramwishura ati: “None ko numva ukwabira kw’intama n’inka mu matwi yanje?”15Sawuli aramwishura ati: “Ni intama n’inka nziza kurusha izindi abasoda basigaje barabizana babikuye mu Bamaleki kugira ngo babishikanire Uhoraho Imana yawe, ariko ibindi vyose twarabiranduye turabimara.”16Samweli abwira Sawuli ati: “Geza aho! Nyumviriza nkubwire ico Uhoraho yaraye ambwiye muri iri joro rikeye.”Sawuli aramwishura ati: “Mbwira.”17Samweli amubwira ati: “Naho wewe nyene wari wariravye ukikengera, mbega ntiwabaye umurongozi w’imiryango yose y’Abisirayeli? Uhoraho yarakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’Abisirayeli.18Kandi yaragutumye, arakubwira ati: ‘Genda urandure abo bantu babi b’Abamaleki, ubagwanye gushika ubamaze bose.’19None ni iki catumye utumvira Uhoraho? Ni kuki wagurukiye ku vyanyazwe ugakora ikintu kibi nk’ico mu nyonga z’Uhoraho?”20Ariko Sawuli ashishikara avuga ati: “Narakoze igikorwa Uhoraho yantumye. Naranduye Abamaleki bose, mfata n’umwami wabo Agagi ndamuzana.21Abasoda ni bo bafashe intama n’inka mu vyanyazwe, ivyo babonye ko ari vyiza kurusha ibindi kugira ngo babishikanire Uhoraho Imana yawe kw’ibimazi i Gilugali.”22Ariko Samweli aramwishura ati:“Mbega Uhoraho ahimbarwa n’amashikanwa atongozwa umuriro n’ibimazikuruta kumwumvira no gukora ico yategetse?Nyumviriza! Kwumvira Uhoraho biruta ibimazi, kandikwumvira ico yavuze biruta amapfizi y’intama anuze.23Kuko kugarariza ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu,kandi ukutumvira, ni co kimwe n’ugusenga ibigirwamana.Ko wanse kwumvira ijambo ry’Uhoraho,na we yanse ko ubandanya uri umwami.”24Nuko Sawuli abwira Samweli ati: “Ni vyo, nacumuye. Nanse kwumvira ivyo Uhoraho yantegetse n’ivyo yanyihanikirije. Natinye abantu nca ndabemerera gukora ivyo bashaka.25None rero, ndakwinginze, mparira icaha canje, hanyuma uze dusubirane inyuma, kugira ngo nje gusenga Uhoraho.”26Ariko Samweli aramubwira ati: “Sinsubirana inyuma nawe. Wanse kwumvira ijambo ry’Uhoraho, na we yanse ko uba umwami w’Abisirayeli!”27Samweli ahindukiye ngo agende, Sawuli amufata ku musozo w’ikanzu yambaye ica iratabuka.28Samweli aca amubwira ati: “Uhoraho atabuye ubwami bwa Isirayeli arabukwatse kuva uwu musi, abuhaye uwundi akurusha ubutwari.29Uhoraho, we Cubahiro ca Isirayeli, ntiyigera abesha kandi ntiyivuguruza; kuko si umwana w’umuntu ngo aje arihindukiza mw’ijambo.”30Sawuli aramwishura ati: “Ni vyo nacumuye. Ariko ndakwinginze ntera iteka imbere y’aba bakuru b’abantu banje n’imbere y’Abisirayeli; garuka tujane, kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.”31Nuko Samweli asubiranayo na Sawuli, Sawuli asenga Uhoraho.32Maze Samweli aravuga ati: “Nzanira Agagi umwami w’Abamaleki.”
Maze Agagi aza aho Samweli ari aremye, yibaza ati: “Singipfuye.”33Ariko Samweli aravuga ati:“Nk’uko inkota yawe yahekuye abavyeyi benshi,ni ko na nyoko abaye umwe muri abo bagore bahekuwe.”Maze Samweli ahimbagurira Agagi aho nyene imbere y’Uhoraho i Gilugali.34Nuko Samweli asubira i Rama, ariko Sawuli araduga aja iwe i Gibeya.35Samweli ntiyigeze asubira kubonana na Sawuli kugeza apfuye, naho yagandaye kubera umubabaro w’ivyabaye kuri Sawuli. Kandi Uhoraho yaricujije icatumye yimika Sawuli ngo abe umwami w’Abisirayeli.
Biblica, Inc.