1 Samweli13

Samweli abwira Sawuli ko yacumuye

1Sawuli yari amaze imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami, hanyuma aganza Abisirayeli imyaka mirongo ine n’ibiri.
2Sawuli atoranya abasoda ibihumbi bitatu mu Bisirayeli; abasigaye abarungika iwabo. Muri abo yahisemwo, atoramwo ibihumbi bibiri bajana na we i Mikimashi, mu ntara y’imisozi ya Beteli, abandi igihumbi bajana n’umuhungu wiwe Yonatani i Gibeya mu ntara ya Benyamini. Abasigaye bose abarungika iwabo.
3Umusi umwe, Yonatani atera ikirindiro c’Abafilisitiya cari i Geba aragitsinda, maze Abafilisitiya bose baravyumva. Nuko Sawuli asaba ko bavuza inzamba mu gihugu cose, avuga ati: “Nimubimenyeshe Abaheburayo bose!”4Nuko Abisirayeli bose bumva iyo nkuru ngo: “Sawuli yateye ikirindiro c’Abafilisitiya aragisambura, none Abafilisitiya banka Abisirayeli urwanko rukomeye.” Nuko abasoda bose barahamagarana basanga Sawuli i Gilugali.
5Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo batere Abisirayeli, bafise imikogote ibihumbi bitatu n’abagendera ku mikogote ibihumbi bitandatu, n’abasoda bangana n’umusenyi wo ku kiyaga. Nuko baraduga bacumbika i Mikimashi, mu buseruko bwa Beti-Aveni.6Abisirayeli babonye ko bibakomeranye, kuko bari bazigirijwe, baja kwinyegeza mu masenga, mu myobo, mu bitandara, no mu binogo vyimbiwe kubika amazi.7Bamwe mu Baheburayo barahunga bajabuka Yorodani baja mu ntara ya Gadi na Gileyadi.
Sawuli aguma i Gilugali, kandi abasoda bose bari kumwe na we bariko barajugumira kubera ubwoba.
8Nuko Sawuli arindira Samweli imisi indwi, nk’uko Samweli yari yamubwiye; ariko Samweli ntiyaza i Gilugali; maze abasoda batangura guta Sawuli barashwiragira.9Sawuli aravuga ati: “Nimunzanire ca kimazi co gutongozwa umuriro na vya bimazi vy’ishimwe.” Nuko Sawuli atanga ca kimazi co gutongozwa umuriro.10Agiheza kugitanga, Samweli aca arashika, maze Sawuli asohoka kumusanganira.
11Samweli aramubaza ati: “Ibi wakoze ni ibiki?”
Sawuli arishura ati: “Nabonye abantu bariko barashwiragira, nawe mbona ntiwubahirije isango, kandi Abafilisitiya bariko bariyegeraniriza i Mikimashi,
12nca ndibaza nti: ‘Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali, basange ntarambaza Uhoraho ngo antabare.’ Nuko nca numva notanga jewe nyene ikimazi co gutongozwa umuriro.”
13Samweli aramubwira ati: “Wakoze ivy’ubupfu. Kuko ntiwumviye ibwirizwa Uhoraho Imana yaguhaye; iyo uryumvira yotumye ingoma yawe ihoraho ibihe vyose mu Bisirayeli.14Ariko noneho ubwami bwawe ntibuzoramba; Uhoraho yamaze kwironkera umuntu ameze nk’uko umutima wiwe ugomba ngo amwimike abe umurongozi w’abantu biwe, kuko utumviye ico Uhoraho yagutegetse.”
15Nuko Samweli ava i Gilugali aduga i Gibeya mu ntara ya Benyamini. Sawuli aharura abasoda bari bakiri kumwe na we, asanga ni hafi amajana atandatu.

Abisirayeli babura ibigwanisho

16Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani hamwe n’abasoda bari kumwe na bo bacumbika i Gibeya mu ntara ya Benyamini, mu gihe Abafilisitiya bari bacumbitse i Mikimashi.17Umusi umwe, umugwi w’abasoda b’Abafilisitiya b’abahinga mu kugwana urasohoka uva aho ingabo zabo zicumbitse, bigabura mu mice itatu. Umuce umwe ugenda utumbereye i Ofura mu karere ka Shuwali,18uwundi uja i Beti-Horoni, uwa gatatu ugenda werekeye ku rubibe, haruguru y’ikiyaya c’i Zeboyime aharabana n’ubugaragwa.
19Muri ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya bavuga bati: “Abaheburayo bohava bacura inkota canke amacumu!”20Ni co gituma Abisirayeli bose iyo bakeneye gukarisha isuka inka zirimisha, isuka isanzwe, incabiti canke umuhoro, babijana ku bacuzi b’Abafilisitiya.21Igiciro cari bibiri vya bitatu vya shekeli kugira ngo bakarishe isuka inka zirimisha, isuka isanzwe; n’ica gatatu ca shekeli kugira ngo bakarishe incabiti, umuhoro, canke kugira ngo basongore ikimito.
22Nuko ku musi w’intambara nta musoda n’umwe mu bari kumwe na Sawuli canke Yonatani yari afise inkota canke icumu mu minwe. Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani bonyene ni bo bari babifise.

Yonatani atera Abafilisitiya

23Hanyuma umuce umwe w’Abafilisitiya uja gutegera ku nzira ica i Mikimashi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e