1 Petero2

1Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.2Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,3nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.

Amabuye afise ubugingo

4Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.5Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.6Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo:“Raba ndashira ibuye i Siyoni,ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe kandi ry’igiciro,uwumwizerantazokwigera amaramara.” 
7Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo:“Ibuye abubatsi bagayeni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.” 
8Kandi ngo:“Ni ibuye ritsitaza,n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.
9Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.10Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.

Kwirinda ivyipfuzo vy’umubiri

11Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya ubugingo bwanyu.12Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izobagendera.
13Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,14canke abatware yahaye kumutwarira intara kugira ngo bahane abakora ibibi kandi bashimire abakora ivyiza.15Kuko ico Imana igomba ni uko mukora ivyiza, bigatuma abatubaha Imana babura ico babavuga.16Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.17Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.
18Namwe bagurano, mwumvire ba shobuja mububaha rwose, mukore ivyo bababwiye mutabikorera abameze neza gusa, ariko na barya bagoye.19Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.20Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.21Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.22“Ntiyigeze acumura na rimwe,kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.” 
23Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.24Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.25Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e