1 Abami17
Eliya avugishwa ivy’uruzuba
1Hariho umugabo w’i Tishubi i Gileyadi yitwa Eliya, umusi umwe araza abwira Ahabu ati: “Ndakurahiye Uhoraho Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera, ko ata rume ruzosubira gukoroka canke imvura ngo isubire kugwa muri iyi myaka, kiretse ari jewe ndabivuze.”Eliya agaburirwa n’ibikona
2Maze Ijambo ry’Uhoraho ribwira Eliya,3riti: “Va ngaha ufate inzira ija mu buseruko, winyegeze hafi y’akuzi Keriti hakurya ya Yorodani.4Uzonywa amazi y’ako kuzi, kandi nategetse ibikona ngo bize bikugaburirireyo.”5Nuko aragenda abikora nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryabimubwiye. Aja hafi y’ako kuzi Keriti, hakurya ya Yorodani, agumayo.6Ibikona bikama bimuzanira imikate n’inyama mu gatondo no ku mugoroba, akanywa amazi y’ako kuzi.Ivya Eliya n’umupfakazi w’i Zarefati
7Haciye igihe ka kuzi karakama, kuko ata mvura yari ikigwa muri ico gihugu.8Ijambo ry’Uhoraho ribwira Eliya riti:9“Haguruka ugende i Zarefati igisagara co mu ntara ya Sidoni ugumeyo. Nategetse umupfakazi waho kuzokwama akugaburira.”10Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara, aca abona umupfakazi yariko arasenya inkwi. Aramuhamagara, amubwira ati: “Ndagusavye umpe utuzi two kunywa mu gikombe.”11Wa mupfakazi agiye, Eliya asubira kumuhamagara, amubwira ati: “Unzanire n’agakate, uzoba ukoze.”12Na we aramwishura ati: “Ndakurahiye ukubaho kw’Uhoraho Imana yawe, nta mukate ngira. Aha mfise agafu gakeya gasigaye mu gaseke, n’utuvuta dukeya mu gikombe. Aha rero ndiko ndegeranya udukwi kugira ngo ducumbe twe n’umuhungu wanje, turye ubwa nyuma, hanyuma dupfe.”13Eliya aramubwira ati: “Ntutinye. Genda i muhira ukore uko ubivuze. Ariko ubanze unkorere agakate gatoya kuri ivyo ufise hanyuma ukanzanire, maze uheze urondere ivya mwe n’umuhungu wawe.14Kuko uku ari ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Agaseke kawe ntikazoburamwo ifu, n’igikombe cawe ntikizoburamwo amavuta, gushika aho Uhoraho azorungikira imvura muri iki gihugu.’ ”15Nuko aragenda abikora nk’uko Eliya yabimubwiye. Eliya n’uwo muryango bagumye bafise ivyo barya ico gihe cose.16Amavuta ntiyigeze ahera muri ca gikombe, n’ifu ntiyigeze ihera muri ka gaseke, nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryabivuze riciye kuri Eliya.17Haciye igihe, umuhugu w’uwo mupfakazi aragwara. Ingwara yiwe ikomeza kwongerekana, gushika aho apfa.18Uwo mugore abarira Eliya ati: “Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje kumpanira ivyaha vyanje mu kunyicira umwana?”19Eliya amwishura ati: “Nzanira uwo mwana wawe.” Aca aramwakira mu maboko yiwe, amudugana mu cumba co hejuru yabamwo, amuryamika ku buriri bwiwe.20Maze atakambira Uhoraho ati: “Uhoraho Mana yanje, ni iki gitumye utera amarushwa uwu mupfakazi yampaye indaro, mu kwica umuhungu wiwe?”21Nuko amwubararako incuro zitatu, yongera atakambira Uhoraho avuga ati: “Uhoraho Mana yanje, ndakwinginze subiza ubuzima uwu mwana!”22Uhoraho yumva ugutakamba kwa Eliya, uwo mwana arahembuka, asubira kuba muzima.23Eliya aca aramuterura, amukura muri ico cumba, amusubiza nyina wiwe avuga ati: “Ehe raba, umuhungu wawe ni muzima!”24Wa mugore aca abarira Eliya ati: “Noneho rero menye ko uri umuntu w’Imana, kandi ko ijambo ry’Uhoraho rica mu kanwa kawe ari iry’ukuri.”Biblica, Inc.