1 Ngoma19

Dawidi agwanya Abamoni

1Hanyuma y’ivyo, Nahashi umwami w’Abamoni arapfa, maze umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma.2Dawidi ariyumvira ati: “Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, kuko se yangiriye neza.” Nuko Dawidi atuma intumwa ngo zije kugarukira kuri Hanuni kuko yari yabuze se.
Ba bantu ba Dawidi bashitse kwa Hanuni mu gihugu c’Abamoni kumwirura,
3abaganwa b’Abamoni babwira Hanuni bati: “Wibaza ko Dawidi yubashe so mu kukurungikira abantu ngo bakugarukireko? Abantu biwe ubwo ntibazanywe no kugenzura igihugu no kuraba ingene kimeze ngo baze bagitere?”4Nuko Hanuni afata ba bantu ba Dawidi, abamwa umushatsi, asatura impuzu zabo uhereye aho itako ritangurira, aca arabarungika.
5Haza abantu babwira Dawidi ivyashikiye abo bagabo, aca arungika intumwa ngo zihure na bo, kuko bari buzuye ibiteterwe. Umwami abatumako ati: “Nimugume i Yeriko gushika aho ubwanwa bwanyu buzokurira, hanyuma muze mubone kugaruka.”
6Abamoni babonye ko bakoze ikintu giteye isoni imbere ya Dawidi, Hanuni n’Abamoni baca barungika italanto igihumbi z’ifeza i Aramu-Naharayimu, Aramu-Mayaka n’i Zoba kugira ngo babahe imikogote n’abayikoresha mu ntambara.7Bakotesha ibihumbi mirongo itatu na bibiri vy’imikogote n’abayigwanisha, hamwe n’umwami w’i Mayaka n’ingabo ziwe, baraza bacumbika hafi y’i Medeba, Abamoni na bo bariko barasohoka mu bisagara vyabo baja gutonda urugamba.
8Dawidi avyumvise, aca arungika Yowabu n’ingabo zose zizi kugwana.9Abamoni baragenda batonda urugamba kw’irembo ry’igisagara, abami bari baje na bo bari ku musozi inyuma y’igisagara.
10Yowabu abona ko urugamba rumuturutse imbere n’inyuma; aca atoranya bamwe mu ngabo z’indobanurwa mu Bisirayeli abarungika ngo bagwanye Abarameya.11Abasigaye abazeza murumunawe Abishayi ngo abatware, aca abatuma kugwanya Abamoni.12Yowabu amubwira ati: “Abarameya nibandusha inkomezi, uce uza kuntabara; ariko Abamoni nibakurusha inkomezi, ndagutabara.13Nureme kandi tugwane rugabo, tugwanire ihanga ryacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Uhoraho ari bukore ivyo abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe.”
14Maze Yowabu n’ingabo bari kumwe baragenda ngo bagwane n’Abarameya, na bo barabahunga.15Abamoni babonye ko Abarameya bariko barahunga, na bo nyene baca bahunga murumunawe Abishayi binjira mu gisagara. Maze Yowabu aca yisubirira i Yerusalemu.
16Abarameya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, batumako abandi Barameya bo hakurya y’uruzi Efurate, barongowe na Shofaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri.
17Dawidi avyumvise, akoranya Abisirayeli bose bajabuka Yorodani; batonda urugamba ngo babagwanye. Dawidi atondesha ingabo ngo zihangane n’Abarameya, na bo baraza bagwana na we.18Ariko Abarameya bahunga Abisirayeli, kandi Dawidi yica ibihumbi indwi mu bagwanira ku mikogote n’ibihumbi mirongo ine vy’abagwanira ku maguru. Yica na Shofaki umukuru w’ingabo zabo.
19Abari barongowe na Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, baca bisaba Dawidi bemera kuba abagurano biwe.
Maze Abarameya ntibasubira kwiyumvira gutabara Abamoni.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e