1 Ngoma16
Isandugu y’Imana ishirwa mw’ihema
1Maze bazana ya Sandugu y’Imana bayinjiza muri rya hema Dawidi yari yarayiteguriye, hanyuma batanga ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ivy’ishimwe imbere y’Uhoraho.2Ahejeje gutanga ivyo bimazi biturirwa n’umuriro n’ivy’ishimwe, ahezagira abantu mw’izina ry’Uhoraho.3Aca aha Umwisirayeli wese, yaba umugabo canke umugore, umukate, inyama n’akandi gakate gakozwe mu nzabibu.4Aca atoranya bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’Isandugu y’Uhoraho, bambaze, bashime, bahimbaze Uhoraho, Imana y’Abisirayeli:5Asafu ni we yari umukuru, Zakariya akaba uwa kabiri, hanyuma Yeyiyeli, Shemiramoti, Yehiyeli, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyiyeli. Bari bashinzwe kuvuza amakembe n’inanga, Asafu akavuza ivyuma bisama,6Benaya na Yahaziyeli abaherezi na bo bakavuza inzamba uko igihe cagenywe gishitse imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Imana.7Kuri uwo musi Dawidi ashinga ubwa mbere Asafu n’abo bari bafatanije ngo baririmbe iyi ndirimbo yo gutanga ishimwe k’Uhoraho:8Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.9Nimumuririmbire, mumuhimbaze;muvuge ibikorwa vyiwe bihambaye.10Mwirate izina ryiwe ryera;imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.11Nimurondere Uhoraho n’inkomezi ziwe;mwame murondera mu nyonga hiwe.12Nimwibuke ibitangaza yakoze,utwumiza, n’imanza yaciye;13Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli, umusavyi wayo;yemwe bene Yakobo, abo yatoranije.14Uhoraho ni we Mana yacu;imanza ziwe ziri mw’isi yose.15Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe vyose,n’ijambo yasezeranye, gushika ku runganwe rugira igihumbi,16Isezerano yagiranye na Aburahamu,indahiro yarahiye Isaka.17Yararyemeje kuri Yakobo nk’itegeko,no kuri Isirayeli nk’isezerano ry’intahava ngo:18“Nzoguha igihugu c’i Kanani,kibe umugabane wawe uzoragwa.”19Igihe bari bakiri inkehwa gusa,mbere ari inkehwa vy’ukuri, kandi ari inyambukira muri co,20Bagenda bangara bava mu gihugu baja mu kindi,bava mu bwami baja mu bundi.21Ntiyakundira umuntu n’umwe kubacinyiza;ku bwabo yakankamiye abami ati:22“Ntimukore ku bo narobanuje amavuta;ntimugirire nabi abavugishwa banje.”23Yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho,mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye,24Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose,n’ibitangaza yakoze mu moko yose.25Kuko Uhoraho ahambaye kandi abereye gushimwa;akwiye kwubahwa kuruta ibigirwamana vyose.26Kuko imana zose z’amahanga ari ibigirwamana,ariko Uhoraho yaremye amajuru.27Ubwiza n’icubahiro biri imbere yiwe;inkomezi n’umunezero biri mu ngoro yiwe.28Nimwemere Uhoraho, yemwe miryango yose yo mu mahanga,mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.29Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe; Muzane ishikanwa, mushike mu birimba vyiwe.Musenge Uhoraho muri mu bwiza bw’ukwera kwiwe.30Yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe!Isi irashimangiye; ntishobora kunyiganyizwa.31Ijuru nirinezerwe, isi nihimbarwe;nibivuge mu mahanga yose biti: “Uhoraho araganje!”32Ikiyaga nikibomborane, n’ibiri muri co vyose;imirima yose nivyine, n’ibiri muri yo vyose!33Maze ibiti vyo mw’ishamba bizoririmba.Bizoririmbishwa n’umunezero mu nyonga z’Uhoraho,kuko aje gucira isi urubanza.34Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.35Nimutakambe muti: “Dukize, yewe Mana y’agakiza kacu;twegeranye udukure mu mahanga,kugira ngo dushime izina ryawe ryera,twongere tuguhimbaze.”36Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ahimbazweUhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.Maze abantu bose baritabira bati: “Amen”; bongerako bati: “Dutazire Uhoraho.”37Dawidi aca ashinga ko Asafu n’abo bari kumwe imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bazoguma aho bayikorera imisi yose, nk’uko vyari bitegekanijwe ku musi ku musi.38Ashinga ko Obedi-Edomu mwene Yedutuni, na Hosa, n’abandi Balewi mirongo itandatu n’umunani, baba abarinzi b’irembo.39Dawidi ashinga ko Sadoki umuherezi na bagenzibe b’abaherezi bama imbere y’ihema ry’Uhoraho ku mpinga y’umusozi i Gibeyoni40ngo bashikanire Uhoraho ibimazi vyo guturirirwa ku gicaniro bashikanirako ibimazi vyo ku musi ku musi, nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe Uhoraho yahawe Abisirayeli.41Abandi bari kumwe na bo ni Hemani na Yedutuni n’abandi bose bari baratoranijwe uko amazina yabo ari ngo bashime Uhoraho bavuga bati: “Kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.”42Hemani na Yedutuni bari bashinzwe kuvuza inzamba n’ivyuma bisama no kuvuza ibindi bicurarangisho mu kuririmba indirimbo z’Imana. Bene Yedutuni bahabwa igikorwa co gucungera irembo.43Nuko abantu bose barataha, umwe wese aja iwe, Dawidi na we asubira iwe ahezagira umuryango wiwe.Biblica, Inc.