Hoseya2
1Kuri uwo musi, muzokwita abavukanyi banyu: ‘Bantu banje,’ na bashiki banyu: ‘Bakundwa banje.’
Uguhanwa kwa Isirayeli no gusubira kubabarirwa
2Ihanize nyoko wawe, mwihanize,kuko ntakiri umugore wanje,kandi nanje sinkiri umugabo wiwe.Niyiyambure ibimenyetso vy’ubusambanyi mu maso hiwehamwe n’ivy’ubuhemu mu mabere yiwe.3Bitabaye uko nzomwambura impuzu asigare ari gusa;nzomusiga uko yaremwe, nk’uko yari ku musi w’amavuka;nzomugira nk’ubugaragwa,nzomuhindura nk’isi yumye,ndamwicishe inyota.4Sinzokwereka urukundo abana biwe,kuko ari abana bavuye mu busambanyi.5Nyina wabo yarampemukiye aba maraya,kandi yabatwaye inda mu buryo buteye isoni.Yaravuze ati: ‘Nzokurikira abo nikundiye,bampa ivyokurya n’amazi,impuzu z’ubwoya n’izera derere nziza,bampa amavuta ya elayo n’ivyo kunywa.’6Nuko rero nzozibiza inzira yiwe amahwa;nzomwubakira uruzitiro abure inzira.7Azokurikira abo akunda ariko ntazobashikira;azobarondera ariko ntazobabona.Maze mu nyuma azovuga ati:‘Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere,kuko igihe nari nkiri kumwe na we nari merewe neza kurusha ubu.’8Ntiyigeze amenya ko ari jewenamuha ingano, umuvinyu musha n’amavuta ya elayo,nkamusukako ifeza n’inzahabu;ivyo baca bakoresha mu gushikanira Bayali.9Ni co gituma nzotwara ingano zanje mw’iyimbura ryazo,n’umuvinyu musha wanje mu gihe cawo.Nzotwara impuzu zanje z’ipampa n’izera derere nziza,ivyo nari namuhaye ngo ahishe ubwambure bwiwe.10Ni co gituma ngiye gushira ahabona ibiterasoni vyiwe,imbere y’amaso y’abo yikundira;nta n’umwe azomunkura mu maboko.11Nzoshira iherezo ku misi mikuru yiwe yose:imisi mikuru y’umwaka, iy’imboneko z’ukwezi,n’iy’amasabato yiwe, imisi mikuru yiwe yose yashinzwe.12Nzoherengeteza imizabibu n’imisukoni yiwe,ivyo yavuze ko ari impembo yahawe n’abo yikundiye;nzohahindura nk’igisaka,kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizoza kukirisha.13Nzomuhanira imisiyamaze aturirira ibimota neza Bayali;akisakara ivyo kwishariza vyose vy’impeta n’utubuyenge,maze akiruka inyuma y’abo yikundiye,ariko jewe akanyibagira,”ni ko Uhoraho avuze.14“Naho biri uko, ubu ngiye kumwiyegereza;ndamujane mu bugaragwandamuganirize n’ubugwaneza.15Aho ni ho nzomusubiriza ya mizabibu yiwe,kandi nzohindura ca kiyaya ca Akori c’imibabarogicike umuryango ujana mu vyizigiro.Aho ni ho azokwongera kunyishikanirank’uko yari yarabikoze kera mu misi yo mu buto bwiwe,ca gihe namubohora ari mu buja bwa Egiputa.16Kuri uwo musi, ni ko Uhoraho avuze,uzompamagara uti: ‘Mugabo wanje!’Ntuzosubira kumpamagara ngo: ‘Databuja!’17Nzokura mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali;kandi amazina yazo ntazosubira kwambazwa.18Kuri uwo musi nzosezerana isezerano ku bwabonsezerane n’ibikoko vyo mw’ishamba, n’inyoni zo mu kirerehamwe n’ibikwega inda kw’isi kugira ngo ntibigire ico bibagira.Umuheto n’inkota n’intambaranzobikura mu gihugu,kugira ngo bose bashobore kuryama mu mutekano.19Nzokwiyegereza umbere umugore w’ibihe bidashira;nzokwiyegerezanya ubugororotsi n’ubutungane,mfise urukundo n’impuhwe.20Nzokwiyegerezanya ubwizigirwa,nawe amaherezo uzomenya ko ndi Uhoraho.21Kuri uwo musi nzokwishura,ni ko Uhoraho avuze,nzokwishura amajuru asaba ibicu,na yo azokwishura isi isaba imvura;22maze isi na yo izokwishura ingano,umuvinyu musha n’amavuta,na vyo bizokwishura Yezireyeli.23Nzomuteragira mu gihugu abe uwanje;nzokwereka urukundo uwo nabwiye nti: ‘Sindagukunda.’Abo nita ngo: ‘Si abantu banje’nzobabwira nti: ‘Muri abantu banje’;na bo bazovuga bati: ‘Uri Imana yacu.’ ”Biblica, Inc.